Wednesday, September 30, 2026
EXCHANGE RATES
🇺🇸 1 USD = ... RWF   |   🇪🇺 1 EUR = ... RWF   |   🇬🇧 1 GBP = ... RWF   |   🇰🇪 1 KES = ... RWF   |   🇺🇬 1 UGX = ... RWF   |   🇹🇿 1 TZS = ... RWF   |   🇨🇦 1 CAD = ... RWF   |   🇨🇭 1 CHF = ... RWF   |   🇨🇳 1 CNY = ... RWF   |   🇯🇵 1 JPY = ... RWF

Igiti ngirakamaro ca shea kirageramiwe muri Uganda

Mu buraruko bwa Uganda, ahamera ibiti vya shea, Mustafa Gerima agenda mu mihana ahimiriza abantu gukingira ico giti abona nk’ubutunzi buriko burayoyoka.

Mustafa afatwa nk’icitegererezo co kurwanya ihona ry’igiti ca Shea, ihona ryaje buhoro buhoro ariko riziyeko.

Bamutaziriye Bwana Shea kubera utwigori agira mu kubungabunga ico giti gifise akamaro mu butunzi no mu mico.

Kuri uyu yahoze ari umwigisha w’ibidukikije n’ibinyabuzima- biology, ubu yahindukiriye guharanira ibidukikije – izi ngendo ziwe ni umurimo mwitumo.

banner

Mu myaka iheze, Mustafa yavuye muri Uganda aja gukorera muri Tanzania. Agarutse yasanze ahahora ari ishamba rikingiye rya Mount Kei Central Forest, ryahora ritotahaye harimwo ibiti vy’ivyimeza vya shea, hasigaye ari nk’ubwambure burimwo ibishitsi aha na hariya.

Mustafa agira ati: “Kubona abantu bicira iki giti bintera umubabaro mu mutima.

“Mu kibano cacu abantu barakenye, rero babona iki giti nk’amaramuko, bakuramwo uburyo bitabagoye”.

Ukwo guhonya ishamba yabona hirya no hino nikwo kwamuteye kwijukira gukangurira abanyagihugu kumenya akamaro k’igiti ca Shea.

Have any thoughts?

Share your reaction or leave a quick response — we’d love to hear what you think!

Leave a Comment

Are you sure want to unlock this post?
Unlock left : 0
Are you sure want to cancel subscription?